5 Ku kirimba* i Shushani*+, hari umugabo w’Umuyuda yitwa Morudekayi+. Yari umuhungu wa Yayiri, Yayiri wa Shimeyi, Shimeyi umuhungu w’Umubenyamini+ yitwa Kishi.
7 Uwo Morudekayi yari umurezi wa Hadasa*, ari we Esiteri, umukobwa wa sewabo+. Uwo mwigeme ntiyagira se canke nyina. Yari mwiza akagira n’umutumba uteye neza. Igihe se na nyina bapfa, Morudekayi yaciye amutwara amurera nk’umukobwa wiwe.