Guharura 16:22 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 22 Baca barunama mu maso hashika hasi, maze bavuga bati: «Ewe Mana, Mana uha ubuzima abantu bose+, mbega umuntu umwe yocumura ugaca ushavurira ishengero ryose+?» Zaburi 104:30 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 30 Urungika impwemu yawe bikaremwa+,ivyo kw’isi ukabihindura bishasha. Umusiguzi 12:7 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 7 Umukungugu rero uraheza ugasubira mw’ivu+ aho wahoze, impwemu* na yo igasubira ku Mana y’ukuri yayitanze+. Ezekiyeli 18:4 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Raba! Abantu bose ni abanje. Sebibondo n’umwana, bose ni abanje. Umuntu* acumura ni we azopfa.
22 Baca barunama mu maso hashika hasi, maze bavuga bati: «Ewe Mana, Mana uha ubuzima abantu bose+, mbega umuntu umwe yocumura ugaca ushavurira ishengero ryose+?»
7 Umukungugu rero uraheza ugasubira mw’ivu+ aho wahoze, impwemu* na yo igasubira ku Mana y’ukuri yayitanze+.