-
1 Abami 19:3, 4Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
3 Eliya aca agira ubwoba maze arahunga ngo akize amagara+. Ashika i Beri-Sheba+ mu Buyuda+ ahasiga umusuku wiwe. 4 Aca afata urugendo rw’umusi umwe ashika mu bugaragwa, yicara munsi y’agati k’umurotemu* maze yisabira gupfa. Avuga ati: «Yehova, birandambiye! Ndagusavye unkureho+ kuko ntaruta ba sogokuruza banje.»
-
-
Yona 4:2, 3Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
2 Asenga rero Yehova ati: «Ewe Yehova, erega nari nzi ko ari ko vyogenze nkiri mu gihugu iwacu. Ni co gituma mu ntango narondeye guhungira i Tarushishi+. Erega nari nzi ko uri Imana y’impuhwe* n’imbabazi, iteba gushavura kandi yuzuye urukundo*+, ibabazwa n’ivyago. 3 None rero Yehova, ndakwinginze unkureho, kuko nopfuma nipfira hako mbaho+.»
-