-
Itanguriro 20:6, 7Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
6 Imana y’ukuri imubwira iti: «Ndazi ko wabikoze ata co wiyagiriza. Ni co gituma nakubujije kuncumurako, sindakwemerere kumukorako. 7 Ubu rero numusubize umugabo wiwe kuko ari umuhanuzi+. Na we azotakambira Imana ku bwawe+ kugira ubandanye kubaho. Ariko ukabona utamusubije, umenye ko uzoca upfa, wewe n’abawe bose.»
-
-
Matayo 27:19Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
19 Vyongeye, igihe yari yicaye ku ntebe y’imanza, umugore wiwe atuma umuntu ngo amubwire ati: «Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi, kuko uyu musi narose indoto iteye ubwoba cane kubera we.»
-