Umusiguzi 5:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Niwabona umukene ariko aracinyizwa mu karere ubamwo, ubutungane n’ubugororotsi bigahonyangwa, ntibize bikubabaze+. Kuko umutegetsi wese aba afise uwumurusha ubukuru amwitegereza, kandi abo bose haba hariho abandi babasumvya ubukuru. Yesaya 10:1, 2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Baragowe abasohora ingingo ziteza ivyago+,bakama bategura amategeko yo gucinyiza abandi, 2 kugira ngo bake abakene uburenganzira bwabo*,ntibatunganirize abarushwa bo mu bantu banje+,banyage abapfakazi,basahure n’impfuvyi*+.
8 Niwabona umukene ariko aracinyizwa mu karere ubamwo, ubutungane n’ubugororotsi bigahonyangwa, ntibize bikubabaze+. Kuko umutegetsi wese aba afise uwumurusha ubukuru amwitegereza, kandi abo bose haba hariho abandi babasumvya ubukuru.
10 Baragowe abasohora ingingo ziteza ivyago+,bakama bategura amategeko yo gucinyiza abandi, 2 kugira ngo bake abakene uburenganzira bwabo*,ntibatunganirize abarushwa bo mu bantu banje+,banyage abapfakazi,basahure n’impfuvyi*+.