ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 4:9, 10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Mu nyuma Yehova abaza Kayini ati: «Mwenewanyu Abeli ari hehe?» Na we amwishura ati: «Sinzi. Mbaye umurinzi wa mwenewacu?» 10 Aca amubwira ati: «Wakoze ibiki? Umve! Amaraso ya mwenewanyu ariko arasemerera antakambira iyo ari mw’ivu+.

  • Itanguriro 9:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 Kandi amaraso yanyu, ari yo buzima bwanyu, nzoyishuza. Nzoyishuza igikoko cose kizoyasesa, kandi umuntu wese azosesa amaraso ya mugenziwe nzoyamwishuza+.

  • Gusubira mu vyagezwe 32:43
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 43 Nezerwa mwa mahanga hamwe n’abantu biwe+,

      kuko azohora amaraso y’abasavyi biwe+,

      azokwihora abansi biwe+,

      kandi azotyorora* igihugu c’abantu biwe.»

  • 2 Abami 9:24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 Yehu aca afora umuheto, arasa Yehoramu hagati y’ibitugu. Umwampi usohokana mu mutima, agwa mu mukogote wiwe w’intambara.

  • 2 Abami 9:26
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 “Jewe Yehova mvuze nti: ‘Ejo narabonye amaraso ya Naboti+ n’ay’abahungu biwe. Nawe umenye ko muri iri tongo ari ho nzokwishurira+ ikibi wakoze’, ni ko jewe Yehova mvuze.” Muterure rero umuterere muri iryo tongo nk’uko Yehova yabivuze+.»

  • 2 Abami 24:3, 4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Yehova ni we vy’ukuri yashinze ko ivyo bintu bishikira Ubuyuda, kugira ngo abahaba abomore bamuve imbere+ kubera ibicumuro vyose Manase yakoze+ 4 no kubera amaraso y’abantu ata co bazira yasheshe+. Yujuje Yeruzalemu amaraso y’abantu ata co bazira, maze Yehova yanka gutanga imbabazi+.

  • Luka 11:49-51
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 49 Ku bw’ivyo, Imana ikoresheje ubukerebutsi bwayo yavuze iti: “Nzobarungikira abahanuzi n’intumwa, kandi bazokwica bamwe muri bo bongere babahame, 50 kugira ngo amaraso y’abahanuzi bose yasheshwe kuva kw’ishingwa ry’isi azoje ku gatwe* k’uru runganwe+, 51 kuva ku maraso ya Abeli+ gushika ku maraso ya Zakariya, umwe yicirwa hagati y’igicaniro n’urusengero*+.” Emwe ndabibabwiye, azoja ku gatwe* k’uru runganwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika