Kuvayo 14:4 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Nzoreka Farawo akomantaze umutima wiwe+, kandi azoboma inyuma. Nzokwihesha ubuninahazwa biciye kuri Farawo n’igisoda ciwe cose+, kandi Abanyamisiri bazomenya vy’ukuri ko jewe ndi Yehova+.» Baca bagira gutyo nyene. Yosuwa 2:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu igihe mwava mu Misiri+. Twarumvise n’ivyo mwakoreye abami babiri b’Abamori, Sihoni+ na Ogi+, abo mwiciye hakurya ya Yorodani*. 2 Abami 19:19 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 19 None rero Yehova Mana yacu, turakwinginze udukize umwami wa Ashuri, kugira ngo ubwami bwose bwo kw’isi bumenye yuko wewe Yehova, wewe wenyene ari wewe Mana+.»
4 Nzoreka Farawo akomantaze umutima wiwe+, kandi azoboma inyuma. Nzokwihesha ubuninahazwa biciye kuri Farawo n’igisoda ciwe cose+, kandi Abanyamisiri bazomenya vy’ukuri ko jewe ndi Yehova+.» Baca bagira gutyo nyene.
10 kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu igihe mwava mu Misiri+. Twarumvise n’ivyo mwakoreye abami babiri b’Abamori, Sihoni+ na Ogi+, abo mwiciye hakurya ya Yorodani*.
19 None rero Yehova Mana yacu, turakwinginze udukize umwami wa Ashuri, kugira ngo ubwami bwose bwo kw’isi bumenye yuko wewe Yehova, wewe wenyene ari wewe Mana+.»