Kuvayo 15:11 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 11 Ni imana iyihe imeze nkawe ga Yehova+? Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko uri mweranda bihebuje+? Wewe ukwiye gutinywa no gushemezwa, wewe ukora ibitangaza+. Zaburi 86:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Ewe Yehova, nta mana iriho imeze nkawe+,kandi nta bikorwa biriho bimeze nk’ivyawe+. Zaburi 89:6 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 None ni nde mw’ijuru yogereranywa na Yehova+? Ni nde asa na Yehova mu bamarayika*+? Yeremiya 10:7 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 7 Ni nde atogutinya ga Mwami w’amahanga+?Urabibereye kuko mu nkerebutsi zose z’amahanga no mu bwami bwayo bwose,ata n’umwe ameze nkawe namba+.
11 Ni imana iyihe imeze nkawe ga Yehova+? Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko uri mweranda bihebuje+? Wewe ukwiye gutinywa no gushemezwa, wewe ukora ibitangaza+.
7 Ni nde atogutinya ga Mwami w’amahanga+?Urabibereye kuko mu nkerebutsi zose z’amahanga no mu bwami bwayo bwose,ata n’umwe ameze nkawe namba+.