17 Kuko Yehova Imana yanyu ari Imana iruta izindi mana+, Umukama w’abakama, Imana ihambaye, ikomeye kandi iteye ubwoba, Imana itagira nkunzi+ kandi itarya igiturire. 18 Atunganiriza impfuvyi n’abapfakazi+ kandi arakunda kavamahanga+, akamuha ibifungurwa n’ivyambarwa.