-
Abaheburayo 3:7-11Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
7 Nk’uko rero impwemu nyeranda ibivuga+, «uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo, 8 ntimukomantaze imitima nka ca gihe mwantera ishavu ry’umururazi, nka wa musi mwangeza mu bugaragwa+, 9 aho ba sogokuruza banyu bangerageza bakansomborotsa naho bari barabonye ibikorwa vyanje mu kiringo c’imyaka 40+. 10 Ni co catumye nsesemwa n’uru runganwe, maze mvuga nti: “Imitima yabo iguma izimira, kandi ntibigeze bamenya inzira zanje.” 11 Naciye ndahira n’ishavu n’akantu nti: “Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje+.”»
-