9 Mugabo mwebwe muri «ubwoko bwatowe, muri abami mukaba n’abaherezi, ihanga ryeranda+, umugwi w’abantu yagize ikintu kidasanzwe kimwegukira+, kugira mumenyeshe hose ibintu vy’agahebuza+» vy’umwe yabahamagara akabakura mu mwiza, akabazana mu muco wiwe w’agatangaza+.