ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 18:35
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 35 Umpa inkinzo yawe y’ubukiriro+.

      Ukuryo kwawe kuranshigikira.

      Ukwicisha bugufi kwawe gutuma mba uwuhambaye+.

  • Zaburi 138:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  6 Naho Yehova ari hejuru, arabona abicisha bugufi+.

      Ariko abishira hejuru ntashobora kubiyegereza*+.

  • Yesaya 57:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Kuko Umwe ari hejuru kandi arengeye vyose,

      wa wundi abaho ibihe bidahera+ akaba afise izina ryeranda+, avuze ati:

      «Aho mba ni hejuru kandi ni heranda+.

      Ariko kandi mbana n’abajanjaguritse bafise umutima uciye bugufi,

      kugira ngo mpembure umutima w’abaciye bugufi

      n’uw’abajanjaguritse+.

  • Yesaya 66:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  2 Yehova avuze ati: «Ukuboko kwanje ni kwo kwakoze ibi vyose,

      kandi ukwo ni ko vyose vyabayeho+.

      Uyu rero ni we nzokwitegereza:

      umuntu yicisha bugufi kandi avunitse umutima, ajugumizwa* n’ijambo ryanje+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika