ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 17:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Nza kuba mpagaze imbere yawe hariya ku gitandara i Horebu. Uze gukubita igitandara, na co gica kivamwo amazi hanyuma abantu banywe+.» Musa aca abikora gutyo nyene imbere y’abashingantahe bo muri Isirayeli.

  • Guharura 20:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Musa aca aduza ukuboko, akubita inkoni ico gitandara incuro zibiri. Haca haza amazi menshi, ishengero rica ritangura kuyanywa hamwe n’ibitungwa vyabo+.

  • Gusubira mu vyagezwe 8:14, 15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 ntimuze mwivyimvye*+ ngo mwibagire Yehova Imana yanyu, uwabakuye mu gihugu ca Misiri mwabayemwo muri abashumba*+, 15 akabacisha muri bwa bugaragwa bunini kandi buteye ubwoba+, bwuzuyemwo inzoka z’ubumara na za sikorupiyo* hamwe n’isi yumye itagiramwo amazi. Yarabakuriye amazi mu gitandara c’isare+,

  • Zaburi 107:35
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 35 Ahindura ubugaragwa ibidengeri vyuzuyemwo amarenga,

      ahantu humye akahahindura amasoko y’amazi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika