ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezira 3:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Nuko batangura kuririmba bahanahana+, bashemeza Yehova bongera bamukengurukira, «kuko ari mwiza, urukundo* afitiye Isirayeli rukaba rwamaho ibihe vyose+.» Abantu bose baca bavuza akaruru n’ijwi rirenga bashemeza Yehova kubera ko umushinge w’inzu ya Yehova wari wubatswe.

  • Zaburi 106:47
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 47 Ewe Yehova Mana yacu, dukize+,

      udukoranye udukuye mu mahanga+

      kugira dutazire izina ryawe ryeranda

      kandi tugushemeze twigina*+.

  • Yesaya 49:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Niwihe akamo k’umunezero wa juru we, nawe wa si we nunezerwe+.

      Imisozi nivuze impundu inezerwe+,

      kuko Yehova yahojeje abantu biwe+,

      kandi agirira imbabazi abagorwa biwe+.

  • Yeremiya 31:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Bazoza bihe akamo k’umunezero bari hejuru ku musozi Siyoni+,

      bakayangane kubera ukumera neza* kwa Yehova,

      kubera intete, umuvinyu mushasha+ n’amavuta,

      no kubera imyagazi yo mu busho n’inyana z’inka+.

      Bazoba nk’umurima uvomerewe neza+,

      kandi ntibazokwigera basubira kuba goyigoyi+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika