ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 8:25
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 25 None rero Yehova Mana ya Isirayeli, ndagusavye uze ushitse ivyo wasezeraniye umusavyi wawe dawe Dawidi igihe wavuga uti: “Abana bawe nibaguma bigenza neza, bakagendera mu nzira zanje nk’uko wabigize, mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.”

  • Zaburi 89:3, 4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  3 «Naragiraniye isezerano n’uwo nitoreye+.

      Nararahiye Dawidi umusavyi wanje+ nti:

       4 “Nzoshigikira uruvyaro* rwawe+ ibihe vyose,

      kandi nzokomeza intebe yawe y’ubwami uko urunganwe ruzokurikira urundi+.”» (Sela*)

  • Zaburi 89:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Nabonye umusavyi wanje Dawidi+,

      kandi namurobanuje amavuta* yanje meranda+.

  • Zaburi 89:36
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 36 Uruvyaro rwiwe ruzokwamaho ibihe vyose+.

      Intebe yiwe y’ubwami izokwama imbere yanje nk’izuba+.

  • Yesaya 9:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  7 Ubutware* bwiwe buzokwira hose,

      kandi amahoro ntazogira iherezo+

      ku ntwaro* ya Dawidi+ no mu bwami bwiwe.

      Buzokomezwa+ bushigikirwe

      biciye ku butungane+ n’ubugororotsi+,

      kuva ubu no gushika ibihe bidahera.

      Umwete wa Yehova Nyeningabo ni wo uzobikora.

  • Yeremiya 33:20, 21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 «Ibi ni vyo Yehova avuze: “Mbega mwoshobora guhagarika isezerano nagize rijanye n’umurango n’isezerano nagize rijanye n’ijoro, mukabuza umurango n’ijoro kuza ku mwanya wavyo+? 21 Nimba vyoshoboka, n’isezerano nagiranye n’umusavyi wanje Dawidi ryoshobora rero guhagarikwa+, ku buryo ataronka umuhungu yicara ku ntebe yiwe y’ubwami ngo aganze+. N’isezerano nagiranye n’abaherezi b’Abalewi bankorera+ na ryo nyene ryohagarikwa.

  • Matayo 9:27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 27 Yezu avuye ng’aho, abagabo babiri b’impumyi+ baramukurikira, bagenda barasemerera bati: «Mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi!»

  • Luka 1:69
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 69 Yaturonkeje umukiza ahambaye*+ akomoka mu muryango w’umusavyi wiwe Dawidi+,

  • Ivyakozwe 2:30, 31
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 30 Kubera yuko yari umuhanuzi, kandi akaba yari azi ko Imana yari yaramurahiye yuko yokwicaritse ku ntebe yiwe y’ubwami uwo mu ruvyaro rwiwe*+, 31 yarabonye imbere y’igihe ivyerekeye izuka rya Kristu yongera aravuga ivyaryo, yuko atahebewe mu kuzimu canke ngo umubiri wiwe ubore*+.

  • Ivyakozwe 13:22, 23
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 22 Imaze kumukura, ibaha Dawidi ngo ababere umwami+. Imana yaramushingiye intahe ivuga iti: “Nabonye Dawidi mwene Yese+, umuntu ahimbara umutima wanje+. Azokora ivyo nipfuza vyose.” 23 Nk’uko Imana yabisezeranye, yarahaye Isirayeli umukiza, ari we Yezu, imukuye mu ruvyaro* rw’uwo muntu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika