8 Mugabo ku bijanye n’Umwana wayo, ivuga ngo: «Imana ni yo ntebe yawe y’ubwami+ gushika ibihe bidahera, kandi agakoni k’Ubwami bwawe ni agakoni k’ubutungane. 9 Wakunze ubugororotsi, wanka ubugarariji. Ni co gituma Imana, Imana yawe, yakurobanuje amavuta+ y’umunezero kuruta bagenzawe+.»