-
Ivyakozwe 4:25-28Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
25 Kandi ni wewe watumye umusavyi wawe sogokuruza wacu Dawidi+ avuga biciye ku mpwemu nyeranda ati: “Kubera iki amahanga yagiye mu ruhagarara, n’imigwi y’abantu ikiyumvira* ibitagira akamaro? 26 Abami b’isi bahagurutse, n’abatware bakoranira hamwe kugira barwanye Yehova* n’uwo yarobanuye*+.” 27 Mu vy’ukuri, Herodi na Ponsiyo Pilato+ bari kumwe n’abantu bo mu mahanga be n’imigwi y’abantu b’Abisirayeli, barakoraniye hamwe muri iki gisagara ngo barwanye Yezu umusavyi wawe mweranda warobanuye+, 28 kugira bashitse ivyo washinze imbere y’igihe biciye ku bubasha* bwawe n’ivyo ugomba*+.
-