2 Ku vyerekeye agatwengo, navuze nti: «Ni ubusazi!»,
ku binezereza na ho mvuga nti: «Bimaze iki?»
3 Nararondeye kumenya iciza kiri mu kunywa inzoga+, ariko ntarinze gutakaza ubwenge bwanje. Naracokeye no mu bintu vy’ubupfu, kugira menye iciza abantu bokora mu misi mikeyi babaho munsi y’ijuru.