40 Ku murango izuba ryirirwa rirankubita, mw’ijoro nkarara ndicwa n’imbeho, kandi sinigera ntora agatiro+. 41 Maze imyaka 20 mu rugo rwawe. Nagukoreye imyaka 14 ku bw’abakobwa bawe babiri, n’imyaka 6 ku bw’ibi bitungwa, kandi wahinduye impembo yanje incuro cumi zose+.