-
Umusiguzi 5:18, 19Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
18 Iki ni co nabonye ko ari ciza kandi kibereye: ni uko umuntu yorya, akanywa kandi agahimbarwa n’ibikorwa vyose+ yabiriye akuya munsi y’izuba mu misi mikeyi y’ubuzima Imana y’ukuri yamuhaye, kuko iyo ari yo mpembo* yiwe+. 19 Vyongeye, iyo Imana y’ukuri ihaye umuntu ubutunzi n’ayandi matungo+, ikamuha n’ubushobozi bwo kubinezerererwa, akwiye gutora impembo* yiwe kandi akanezerererwa igikorwa ciwe kitoroshe. Iyo ni ingabire y’Imana+.
-