-
Ezekiyeli 22:20-22Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
20 Nka kurya nyene ifeza, umujumpu, ubutare bw’icuma, ubw’isasu n’ubw’ibati vyegeranirizwa mw’ifuru kugira bahuhe umuriro ngo biyage, ni ko nzobegeraniriza hamwe nashavuye kandi naratse, kandi nzohuha umuriro ndabayaze+. 21 Nzobakoranya, ndabahuhe mfise uburake bwaka umuriro+, muyagirizwe muri ico gisagara+. 22 Nk’uko ifeza iyagirizwa mw’ifuru, ni ko muzoyagirizwa muri co, kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova nabasutseko uburake bwanje.”»
-