-
Yeremiya 50:41, 42Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
41 Ehe! Abantu bariko baraza bava mu buraruko.
Ihanga rikomeye n’abami bahambaye+ bazotumwako
baze bavuye mu mihingo ya kure cane y’isi+.
42 Bakoresha umuheto n’agacumu+.
Ni ba ruburakigongwe kandi ntibazogira imbabazi+.
Iyo bariko bagendera ku mafarasi,
urwamo rwabo rumeze nk’ukuroha kw’ikiyaga+.
Batonze urugamba nk’umuntu umwe kugira ngo bakurwanye, ewe mukobwa wa Babiloni+!
-