-
2 Abami 25:18-21Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
18 Wa mukuru w’abacungera umwami afata na Seraya+ umukuru w’abaherezi be n’umuherezi Zefaniya+, akaba yari icegera ciwe. Afata n’abarinzi b’imiryango batatu+. 19 Afata umukozi wo ku kirimba yagaba abasoda amukuye mu gisagara, ahafatira n’abagabo batanu b’abishikira ku mwami. Afata n’umunyamabanga w’umukuru w’ingabo, ari na we yatumako abinjira mu gisoda. Afata n’abagabo 60 bo mu banyagihugu batobato bari bakiri mu gisagara. 20 Abo bose Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera umwami arabafata abajana i Ribula ku mwami wa Babiloni+. 21 Maze umwami wa Babiloni abicira aho i Ribula mu karere ka Hamati+. Ukwo ni ko ababa mu Buyuda bavuye mu gihugu cabo, bajanwa mu bunyagano+.
-