25 Washizeho umushinge w’isi kuva kera cane,
kandi amaboko yawe ni yo yaremye ijuru+.
26 Ivyo bizovaho ariko wewe uzokwamaho.
Vyose bizohera nka kurya kw’ivyambarwa.
Uzobisubiriza nka kurya kw’impuzu kandi bizozimangana.
27 Ariko wewe ntiwigera uhinduka, n’imyaka yawe ntiyigera ihera+.