-
Yeremiya 34:8, 9Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
8 Yehova yaravuganye na Yeremiya inyuma y’aho umwami Zedekiya amariye kugirana isezerano n’abantu bose bari i Yeruzalemu kugira ngo bahe umwidegemvyo abashumba+. 9 Umwe wese yategerezwa kurekura umushumba canke umushumbakazi wiwe w’Umuheburayo, kugira ntihagire uwubandanya gukoresha Umuyuda mwenewabo nk’umushumba.
-