ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 45:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  6 Imana ni yo ntebe yawe y’ubwami gushika ibihe bidahera+.

      Agakoni k’ubwami bwawe ni agakoni k’ubutungane*+.

  • Zaburi 72:1, 2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 72 Ewe Mana, niwigishe umwami guca imanza

      kandi uhe ubugororotsi bwawe umwana w’umwami+.

       2 Naburanire abantu bawe yisunze ubugororotsi,

      aburanire abantu batobato yisunze ubutungane+.

  • Yesaya 9:6, 7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  6 Kuko hari umwana yatuvukiye+,

      twaronse umuhungu.

      Ubutware* buzokwama ku rutugu rwiwe+.

      Azokwitwa Umujanama w’agatangaza+, Imana ikomeye+, Data ahoraho, Umutware w’amahoro.

       7 Ubutware* bwiwe buzokwira hose,

      kandi amahoro ntazogira iherezo+

      ku ntwaro* ya Dawidi+ no mu bwami bwiwe.

      Buzokomezwa+ bushigikirwe

      biciye ku butungane+ n’ubugororotsi+,

      kuva ubu no gushika ibihe bidahera.

      Umwete wa Yehova Nyeningabo ni wo uzobikora.

  • Yesaya 32:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 32 Raba! Umwami+ azoganza mu bugororotsi*+,

      abatware* na bo batware mu butungane*.

  • Yeremiya 23:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 «Mu misi iri imbere», ni ko Yehova avuze, «nzonagishiriza Dawidi umunago* ugororotse+. Hari umwami azoganza+ kandi azokorana ubukerebutsi, ashigikire ubutungane n’ubugororotsi mu gihugu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika