ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 25:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Kuko ukuboko kwa Yehova kuzoguma kuri uyu musozi+,

      kandi Mowabu izohonyangirwa aho iri+

      nk’uko ivyatsi* bihonyangirwa mu kirundo c’intabire.

  • Yeremiya 48:46, 47
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 46 “Uragowe Mowabu we!

      Abantu basenga Kemoshi+ bayogeye.

      Kuko abahungu bawe batwawe ari imbohe,

      n’abakobwa bawe batwarwa mu bunyagano+.

      47 Mugabo mu misi y’iherezo, nzokoranya abantu b’i Mowabu bagizwe imbohe”, ni ko Yehova avuze.

      “Urubanza rwa Mowabu rugarukiye aha+.”»

  • Zefaniya 2:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  9 Ku bw’ivyo, ndirahiye jewe Imana nzima», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, ya Mana ya Isirayeli,

      «Mowabu hazoba nka Sodomu+,

      Amoni na ho habe nka Gomora+,

      higanzirwe n’ivyatsi vy’ibisuru, isi y’umunyu, habe umusaka ibihe vyose+.

      Abasigaye mu bantu banje bazosahura ibintu vyabo,

      kandi abasigaye mw’ihanga ryanje bazokwigarurira akarere kabo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika