ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 20:3, 4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Yehova araheza avuga ati: «Nka kurya nyene umusavyi wanje Yesaya yamaze imyaka itatu agendagenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye, kugira bibere ikimenyetso+ n’imburi Misiri+ na Etiyopiya+, 4 ni ko umwami wa Ashuri azoshorera Abanyamisiri+ azoba yagize imbohe, n’Abanyetiyopiya azoba yagize inyagano, baba abahungu canke abatama. Azobashorera bari gusa ata birato bambaye, n’ibisusu biri hejuru, ashire ahabona ubwambure bwa Misiri*.

  • Yeremiya 25:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Nuko ntora ico gikombe mu kuboko kwa Yehova hanyuma ndakinywesha amahanga yose Yehova yandungitseko+.

  • Yeremiya 25:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Hakurikiye Farawo umwami wa Misiri, abasuku biwe, abatware biwe, abantu biwe bose+

  • Yeremiya 43:10, 11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Uheze ubabwire uti: “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Ngira ntumeko umusavyi wanje Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+. Nzoshira intebe yiwe y’ubwami hejuru y’aya mabuye nanyegeje, kandi azosanza ihema ryiwe ry’ubwami kuri yo+. 11 Azoza asasike igihugu ca Misiri+. Uwugenewe ikiza cica azokwicwa n’ikiza cica, uwugenewe kugirwa imbohe, azogirwa imbohe, uwugenewe inkota na we azokwicwa n’inkota+.

  • Ezekiyeli 29:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  6 Ico gihe, ababa mu Misiri bose bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova,

      kuko imfashanyo bahaye Abisirayeli yahobahoba nk’akatsi*+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika