ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 23:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 23 Ng’ubu ubutumwa bwerekeye Tiro+:

      Nimuboroge mwa mato* y’i Tarushishi+

      kuko ikivuko catikijwe. Nta wushobora kwinjirayo.

      Iyo nkuru bayumvise ivuye mu gihugu ca Kitimu+.

  • Ezekiyeli 26:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Nzotuma usigara uri urutare rukayangana kandi rugaragara. Uzocika imbuga yo kwanikirako insenga z’umukwabu+. Ntuzogenda usubiye kwubakwa, kuko ari jewe Yehova ndabivuze”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

  • Ezekiyeli 26:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Bazokuririmbira akaririmbo k’intimba+, bakubwire bati:

      ‘Ewe kuntu wayogeye+, wewe wahora ubamwo abantu bava mu biyaga, wewe gisagara cavugangwa!

      Mwe n’abakubamwo mwari agakomeye ku kiyaga+,

      mukajugumiza ababa kw’isi bose!

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika