-
2 Ngoma 36:15, 16Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
15 Yehova Imana ya ba sekuruza yaguma ababurira biciye ku ntumwa ziwe, akababurira incuro n’izindi, kuko yumvira impuhwe abantu biwe n’urusengero rwiwe*. 16 Mugabo baguma bashinyagurira izo ntumwa z’Imana y’ukuri+, bagasuzugura ivyo ibabwiye+ bakongera bagatwenga abahanuzi bayo+, gushika aho bataba bakivayo*. Maze ishavu rya Yehova riza ku bantu biwe+.
-
-
Ezekiyeli 9:9, 10Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Nuko ambwira ati: «Ikosa ry’Abisirayeli n’abo mu Buyuda rirakomeye cane rwose+. Igihugu cuzuye amaraso+, n’igisagara cuzuye akarenganyo+, kuko bavuga ngo: “Yehova yarahevye igihugu. Yehova ntabona+.” 10 Nayo jewe, ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe canke ngo ngire impuhwe+. Nzozana ku gatwe kabo ingaruka z’ingeso zabo.»
-