ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 18:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Mu mwaka ugira 14 umwami Hezekiya aganza, Senakeribu umwami wa Ashuri+ aja gutera ibisagara vyose vy’Ubuyuda bikingijwe ibihome, arabifata+.

  • 2 Ngoma 32:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 32 Inyuma y’ivyo vyose be n’ivyo Hezekiya yakoze vyerekana ko ari umwizigirwa+, Senakeribu umwami wa Ashuri aza gutera Ubuyuda. Yugariza ibisagara bikingijwe ibihome arondera kumena inzitiro zavyo ngo abifate+.

  • Yesaya 8:7, 8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  7 jewe Yehova ngira ndabazaneko

      amazi akomeye kandi menshi ya rwa ruzi runini*,

      ni ukuvuga umwami wa Ashuri+ n’inkomezi* ziwe zose.

      Azokwuzura imigende yose yahora acamwo,

      arenge inkombe ziwe zose,

       8 ace no mu Buyuda.

      Azoshwara hose yuzure gushika kw’izosi+.

      Azosanza amababa yiwe yuzure ubwaguke bw’igihugu cawe,

      ewe Emanweli*+!»

  • Yesaya 10:28-32
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Yagiye i Ayati+

      aca n’i Miguroni.

      I Mikimashi+ ahasiga ibintu vyiwe.

      29 Bajabutse uruzi*

      barara i Geba+.

      Rama yajugumiye, Gibeya+ ca gisagara Sawuli yabamwo kirahunga+.

      30 Mukobwa w’i Galimu, koma induru usemerere!

      Uriyubara Layisha!

      Ewe Anatoti+ urigorewe!

      31 Ab’i Madumena bahunze,

      ab’i Gebimu barondera ubuhungiro.

      32 Uyu musi nyene Umwashuri ahagarara i Nobu+.

      Ariko azungagiza igipfunsi atera ubwoba umusozi w’umukobwa wa Siyoni,

      umurambi Yeruzalemu yubatseko.

  • Yesaya 33:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  8 Amabarabara makuru asigaye agaragara,

      mu mayira nta wukihaca.

      Yarenze* kw’isezerano,

      akengera ibisagara.

      Ntiyubaha umuntu buntu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika