-
2 Abami 18:36, 37Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
36 Mugabo ntihagira n’uwukurako umunwa ngo agire ico amwishuye, kuko umwami yari yabategetse ati: «Ntihagire ico mumwishura+.» 37 Maze Eliyakimu mwene Hilikiya yari ajejwe ivyo ku kirimba*, n’umunyamabanga Shebuna na Yowa mwene Asafu, umwanditsi w’ivyaja biraba, baja kuraba Hezekiya bitaburiyeko impuzu, bamwiganira ivyo Rabushake yavuze.
-