-
2 Abami 19:14-19Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
14 Hezekiya atora rero amakete izo ntumwa zimuzaniye arayasoma, hanyuma aja ku nzu ya Yehova, ayagaranzura* imbere ya Yehova+. 15 Hezekiya aca atangura gusengera+ imbere ya Yehova ati: «Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, wewe wicaye ku ntebe yawe y’ubwami hejuru* y’abakerubi+, ni wewe wenyene uri Imana y’ukuri y’ubwami bwose bwo kw’isi+. Ni wewe waremye* ijuru n’isi. 16 Tega ugutwi wumve, Yehova we+! Ugurura amaso Yehova+, urabe. Niwumve ubutumwa Senakeribu yarungitse bwo kugucokora wewe Mana nzima. 17 Ewe Yehova, ni ivy’ukuri ko abami ba Ashuri batikije amahanga n’ibihugu vyayo+. 18 Imana z’ayo mahanga bazitereye mu muriro kuko zitari imana vy’ukuri+. Zahinguwe n’abantu+, zikorwa mu biti no mu mabuye. Ni co gituma bashoboye kuzitikiza. 19 None rero Yehova Mana yacu, turakwinginze udukize umwami wa Ashuri, kugira ngo ubwami bwose bwo kw’isi bumenye yuko wewe Yehova, wewe wenyene ari wewe Mana+.»
-