Gusubira mu vyagezwe 32:31 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 31 Kuko igitandara cabo kitameze nk’Igitandara cacu+,mbere ivyo n’abansi bacu barabitahuye+. Gusubira mu vyagezwe 32:39 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 39 Ubu rero nimumenye ko ari jewe ndi Imana+,nta zindi mana zihari atari jewe+. Ndica nkongera ngakiza+. Ndakomeretsa+ nkongera nkavura+,kandi nta wushobora kurokora ikiri mu kuboko kwanje+. Zaburi 83:18 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 18 Ese abantu bose bomenya ko witwa Yehova+,be n’uko ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose+! Zaburi 96:5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 Imana zose z’amahanga ni imana ata co zimaze+,mugabo Yehova ni we yaremye* ijuru+.
39 Ubu rero nimumenye ko ari jewe ndi Imana+,nta zindi mana zihari atari jewe+. Ndica nkongera ngakiza+. Ndakomeretsa+ nkongera nkavura+,kandi nta wushobora kurokora ikiri mu kuboko kwanje+.