21 Nuko Yehova arungika umumarayika atikiza abarwanyi bose b’intwari+, intwazangabo zose, n’abakuru bose bo mw’ikambi y’umwami wa Ashuri, ku buryo asubira mu gihugu ciwe amaramara. Mu nyuma yinjira mu rusengero rw’imana yiwe, maze bamwe mu bahungu biwe bwite bamusangayo bamwicisha inkota+.