Nehemiya 13:22 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 22 Hanyuma mbwira Abalewi yuko bakwiye kwama bityorora, bakaza kurinda amarembo kugira ngo umusi w’isabato ugume ari mweranda+. Mana yanje, n’ivyo uze ubinyibukire, ungirire akagongwe kubera urukundo* rwawe rwinshi+. Zaburi 20:1-3 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 20 Ese Yehova yokwishura ku musi w’amarushwa, izina ry’Imana ya Yakobo rikagukingira+. 2 Ese yogufasha ari ahantu heranda+,akagushigikira ari i Siyoni+. 3 Ese yokwibuka amashikanwa yawe yose,akemera* amashikanwa yawe aturirwa. (Sela*) Abaheburayo 6:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Kuko Imana igororotse, ikaba itokwibagira igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ko mukunda izina ryayo+ mu gukorera aberanda, n’ubu mukibandanya.
22 Hanyuma mbwira Abalewi yuko bakwiye kwama bityorora, bakaza kurinda amarembo kugira ngo umusi w’isabato ugume ari mweranda+. Mana yanje, n’ivyo uze ubinyibukire, ungirire akagongwe kubera urukundo* rwawe rwinshi+.
20 Ese Yehova yokwishura ku musi w’amarushwa, izina ry’Imana ya Yakobo rikagukingira+. 2 Ese yogufasha ari ahantu heranda+,akagushigikira ari i Siyoni+. 3 Ese yokwibuka amashikanwa yawe yose,akemera* amashikanwa yawe aturirwa. (Sela*)
10 Kuko Imana igororotse, ikaba itokwibagira igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ko mukunda izina ryayo+ mu gukorera aberanda, n’ubu mukibandanya.