Yesaya 1:16 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 16 Nimwiyoze, mwihumanure+.Nimunkure mu maso ibintu bibi mukora,mureke gukora ikibi+. Yeremiya 25:5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 Bababwira bati: “Enda nimuhindukire, umwe wese ahebe ingeso ziwe mbi n’ibikorwa vyiwe bibi+. Muzoheza mubandanye kuba mu gihugu jewe Yehova nabahaye mwe na ba sogokuruza kuva kera, mukibemwo igihe kirekire. Ezekiyeli 18:30 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 30 “Ku bw’ivyo rero yemwe Bisirayeli, umwe wese muri mwebwe nzomucira urubanza nisunze ivyo akora+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Nimuhebe, ni ukuri nimuhebe rwose ibicumuro vyose mukora, kugira ntibibabere igitsitaza gituma mwagirwa n’icaha. Hoseya 14:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 14 «Ewe Isirayeli, garuka kuri Yehova Imana yawe+,kuko watsitaye kubera ikosa ryawe.
5 Bababwira bati: “Enda nimuhindukire, umwe wese ahebe ingeso ziwe mbi n’ibikorwa vyiwe bibi+. Muzoheza mubandanye kuba mu gihugu jewe Yehova nabahaye mwe na ba sogokuruza kuva kera, mukibemwo igihe kirekire.
30 “Ku bw’ivyo rero yemwe Bisirayeli, umwe wese muri mwebwe nzomucira urubanza nisunze ivyo akora+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Nimuhebe, ni ukuri nimuhebe rwose ibicumuro vyose mukora, kugira ntibibabere igitsitaza gituma mwagirwa n’icaha.