ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 28:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Ariko nimutumviriza ijwi rya Yehova Imana yanyu, ntimwiteho gukurikiza amabwirizwa yiwe yose n’ivyagezwe vyiwe ndabahaye uyu musi, iyi mivumo yose izobazako ibahamvye+:

  • Gusubira mu vyagezwe 29:26, 27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 Bagiye gukorera izindi mana bongera barazunamira, imana batigeze bamenya kandi akaba atari yarabemereye kuzisenga+. 27 Yehova yaciye ashavurira cane abantu bo muri iki gihugu, maze akizanako imivumo yose yanditswe muri iki gitabu+.

  • Yosuwa 23:15, 16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Mugabo kurya nyene ibintu vyiza vyose Yehova Imana yanyu yabasezeraniye vyashitse mukavyibonera+, ni ko Yehova azobazanako ivyago vyose yavuze ko bizobashikira*. Yehova Imana yanyu azobarandura muri iki gihugu ciza yabahaye+. 16 Nimwahonyanga isezerano Yehova Imana yanyu yabategetse kwubahiriza, mukaja gukorera izindi mana no kuzunamira, Yehova azoca abashavurira cane+. Ntimuzoteba kuzimangana mu gihugu ciza yabahaye+.»

  • 2 Abami 23:27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 27 Yehova yavuze ati: «N’abo mu Buyuda nzobomora bamve imbere+ nk’uko nomoye Abisirayeli+. Nzota iki gisagara ca Yeruzalemu natoye n’iyi nzu navuze ko izokwama yitirirwa izina ryanje+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika