-
Yosuwa 23:15, 16Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
15 Mugabo kurya nyene ibintu vyiza vyose Yehova Imana yanyu yabasezeraniye vyashitse mukavyibonera+, ni ko Yehova azobazanako ivyago vyose yavuze ko bizobashikira*. Yehova Imana yanyu azobarandura muri iki gihugu ciza yabahaye+. 16 Nimwahonyanga isezerano Yehova Imana yanyu yabategetse kwubahiriza, mukaja gukorera izindi mana no kuzunamira, Yehova azoca abashavurira cane+. Ntimuzoteba kuzimangana mu gihugu ciza yabahaye+.»
-