ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 65:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Nanje nzobagenera kwicishwa inkota+,

      mwese mwunamire gukererwa+,

      kubera ko nahamagaye ntimwitabe,

      ndavuga ntimwumviriza+.

      Mwagumye mukora ivyo mbona ko ari bibi,

      muhitamwo gukora ibimbabaza+.»

  • Yesaya 66:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  4 Nanje nzohitamwo uburyo butandukanye bwo kubahana+,

      kandi birya nyene batinya ni vyo nzobateza,

      kubera ko igihe nahamagara ata n’umwe yitavye,

      n’igihe navuga nta n’umwe yumvirije+.

      Bagumye bakora ivyo mbona ko ari bibi,

      bahitamwo gukora ibimbabaza+.»

  • Yeremiya 7:13, 14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Mugabo mwagumye mukora ivyo bintu vyose”, ni ko Yehova avuze. “Naho navuganye namwe incuro n’izindi*, ntimwumvirije+. Nagumye ndabahamagara, mugabo ntimwitabe+. 14 Ku bw’ivyo rero, kurya nagiriye Shilo ni ko nzogirira iyi nzu mwizigira+ yitirirwa izina ryanje+ be n’aha hantu nabahaye mwe na ba sogokuruza banyu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika