Gucura intimba 2:15 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Abahita ku nzira bose bakubita urushi ku rundi baguhema+. Bavuza agahwa bumiwe+ kandi bakazungiriza umutwe umukobwa wa Yeruzalemu, bavuga bati: «Mbega iki ni ca gisagara bahora bavuga ngo: “Ni ubwiza butagira akanenge, umunezero w’isi yose+”?» Zefaniya 2:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 «Narumvise agacokoro k’Abanyamowabu+ n’ibitutsi vy’Abamoni+,ivyo batutse abantu banje, birata ngo bazobatwara akarere kabo+.
15 Abahita ku nzira bose bakubita urushi ku rundi baguhema+. Bavuza agahwa bumiwe+ kandi bakazungiriza umutwe umukobwa wa Yeruzalemu, bavuga bati: «Mbega iki ni ca gisagara bahora bavuga ngo: “Ni ubwiza butagira akanenge, umunezero w’isi yose+”?»
8 «Narumvise agacokoro k’Abanyamowabu+ n’ibitutsi vy’Abamoni+,ivyo batutse abantu banje, birata ngo bazobatwara akarere kabo+.