25 Ni co gituma Yehova afitiye abantu biwe ishavu rirurumba,
kandi azoramvura ukuboko kwiwe abahane+.
Imisozi izojugumira,
kandi imivyimba yabo izocika nk’imicafu mu mabarabara+.
Ku bw’izo mvo zose, ishavu ryiwe ntirirahwama,
ahubwo ukuboko kwiwe kuraciteguriye kubahana.