ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 10:21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 21 Kuko abungere bigenjeje nk’ibipfu+,

      ntibahanuza Yehova+.

      Ni co gituma batakoranye ubwenge*,

      kandi amasho yabo yose yarashwiragiye+.»

  • Yeremiya 23:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Ibi rero ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze ku bungere baragira abantu biwe: «Mwarasanzaje intama zanje. Mwagumye muzishwiragiza, ntimwazitaho+.

      Ngira rero niteho ivyanyu kubera ibikorwa vyanyu bibi», ni ko Yehova avuze.

  • Ezekiyeli 34:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 «Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi bw’ibizoshikira abungere ba Isirayeli. Vuga ubuhanuzi, ubwire abungere uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Baragowe abungere ba Isirayeli+ baguma bigaburira ubwabo! Mbega abungere ntibari bakwiye kugaburira ubusho+?

  • Ezekiyeli 34:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Intama zanje zazimiriye ku misozi yose no ku mirambi yose miremire. Intama zanje zasanzariye kw’isi yose, ntihagira n’umwe aja kuzirondera canke agerageza kumenya iyo ziri.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika