Yeremiya 25:12 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 12 “Mugabo iyo myaka 70 niyakwira+, nzohana umwami wa Babiloni n’iryo hanga kubera ikosa ryabo+”, ni ko Yehova avuze. “Nzotuma igihugu c’Abakaludaya gicika umusaka ibihe vyose+. Yeremiya 51:43 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 43 Ibisagara vyiwe vyacitse akajoreza, ahantu hatagira amazi, h’ubugaragwa. Bisigaye ari ahantu ata muntu n’umwe azoba canke ngo hagire uwuhaca+. Yeremiya 51:64 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 64 Maze uvuge uti: “Uku ni ko Babiloni azonyika ntiyongere guhaguruka+ kubera ivyago ngira ndamuteze, kandi abantu baho bazoruha+.”» Amajambo ya Yeremiya agarukiye aha.
12 “Mugabo iyo myaka 70 niyakwira+, nzohana umwami wa Babiloni n’iryo hanga kubera ikosa ryabo+”, ni ko Yehova avuze. “Nzotuma igihugu c’Abakaludaya gicika umusaka ibihe vyose+.
43 Ibisagara vyiwe vyacitse akajoreza, ahantu hatagira amazi, h’ubugaragwa. Bisigaye ari ahantu ata muntu n’umwe azoba canke ngo hagire uwuhaca+.
64 Maze uvuge uti: “Uku ni ko Babiloni azonyika ntiyongere guhaguruka+ kubera ivyago ngira ndamuteze, kandi abantu baho bazoruha+.”» Amajambo ya Yeremiya agarukiye aha.