12 Nimwamara kurya mugahaga, mukubaka amazu meza mukayabamwo+, 13 ibitungwa vyanyu bikagwira, mukaronka ifeza n’inzahabu nyinshi, mukagira umusesekara muri vyose, 14 ntimuze mwivyimvye+ ngo mwibagire Yehova Imana yanyu, uwabakuye mu gihugu ca Misiri mwabayemwo muri abashumba+,