ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 13:26, 27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 Bagaruka i Kadeshi+ mu bugaragwa bw’i Parani, basangaho Musa na Aroni n’ishengero ryose ry’Abisirayeli. Baraheza bashikiriza raporo ishengero ryose ry’Abisirayeli, babereka n’ivyamwa bakuye muri ico gihugu. 27 Bamenyesha Musa bati: «Twarashitse mu gihugu waturungitsemwo, kandi vy’ukuri gitemba amata n’ubuki+. Ehe raba n’ivyamwa twakuyeyo+.

  • Gusubira mu vyagezwe 6:10, 11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Yehova Imana yanyu niyabashikana mu gihugu yarahiye ba sokuruza banyu Aburahamu, Izahaki na Yakobo ko azobaha+, igihugu kirimwo ibisagara binini kandi vyiza mutubatse+, 11 amazu yuzuyemwo ivyiza vy’ubwoko bwose mutakoreye, ibinogo vy’amazi mutimvye, imirima y’imizabibu hamwe n’ibiti vy’imyelayo mutateye hanyuma mukarya mugahaga+,

  • Gusubira mu vyagezwe 8:7-9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Kuko Yehova Imana yanyu agira abinjize mu gihugu ciza+, igihugu c’imigezi* y’amazi, amariba n’imbizi* bitemba mu biyaya no mu misozi, 8 igihugu cuzuyemwo ingano na sayiri, imizabibu, imisukoni n’amakomamanga+, igihugu cuzuyemwo amavuta y’imyelayo* n’ubuki+, 9 igihugu mutazokenamwo ibifungurwa canke ngo mubure ikintu na kimwe, igihugu cuzuyemwo amabuye y’ubutare bw’icuma, igihugu muzocukuramwo ubutare bw’umujumpu mu misozi yaco.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika