Abalewi 18:24 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 24 Ntimuze mwihumanishe ikintu na kimwe muri ivyo, kuko ivyo bintu vyose ari vyo vyahumanije amahanga ndiko ndirukana ngo ababise+. Guharura 35:33 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 33 Ntimuze muhumanye igihugu mubamwo, kuko amaraso ahumanya igihugu+. Igihugu ntigishobora guhumanurwa* amaraso yasesetse muri co kiretse hasesetse amaraso y’uwayasheshe+. Zaburi 78:58 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 58 Bagumye bayibabaza mu gusenga ibigirwamana*+,baguma bayishavuza* mu gusenga ibishusho bibajwe+. Zaburi 106:38 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 38 Bagumye basesa amaraso y’intungane+,amaraso y’abahungu babo n’abakobwa babo,mu kubashikanira ibigirwamana vy’i Kanani+.Nuko igihugu kirahumana kubera ugusesa amaraso. Yeremiya 16:18 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 18 Imbere ya vyose, nzobishura ibihuye neza n’ikosa ryabo n’igicumuro cabo+,kuko igihugu canje bagihumanishije imivyimba* y’ibigirwamana vyabo bisesemye,buzuza icibare canje ibintu bishisha+.”»
24 Ntimuze mwihumanishe ikintu na kimwe muri ivyo, kuko ivyo bintu vyose ari vyo vyahumanije amahanga ndiko ndirukana ngo ababise+.
33 Ntimuze muhumanye igihugu mubamwo, kuko amaraso ahumanya igihugu+. Igihugu ntigishobora guhumanurwa* amaraso yasesetse muri co kiretse hasesetse amaraso y’uwayasheshe+.
38 Bagumye basesa amaraso y’intungane+,amaraso y’abahungu babo n’abakobwa babo,mu kubashikanira ibigirwamana vy’i Kanani+.Nuko igihugu kirahumana kubera ugusesa amaraso.
18 Imbere ya vyose, nzobishura ibihuye neza n’ikosa ryabo n’igicumuro cabo+,kuko igihugu canje bagihumanishije imivyimba* y’ibigirwamana vyabo bisesemye,buzuza icibare canje ibintu bishisha+.”»