ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 30:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  2 Bamanuka mu Misiri+ batabanje kumpanuza*+,

      bakaja kwa Farawo ngo abakingire*,

      bakaronderera ubuhungiro mu gitutu ca Misiri.

  • Yesaya 31:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 31 Baragowe abamanuka mu Misiri kurondera imfashanyo+,

      abishimira amafarasi+,

      bakizigira imikogote y’intambara kubera ari myinshi,

      bakizigira n’amafarasi y’intambara* kubera ko akomeye.

      Mugabo ntibahanga amaso wa Mweranda wa Isirayeli,

      ntibarondera Yehova.

  • Gucura intimba 5:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  6 Twayira amaboko Misiri+ na Ashuri+ kugira turonke ivyo kurya bikwiye.

  • Ezekiyeli 16:26
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 Wakoranye ubumaraya n’Abanyamisiri+, ababanyi bawe barurumba inambu*, urambabaza mu gukora ubumaraya bwinshi cane.

  • Ezekiyeli 17:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Mugabo amaherezo umwami aramugarariza+ mu kurungika intumwa ziwe mu Misiri, kugira ngo Misiri imuhe amafarasi+ n’ingabo nyinshi+. Mbega azororanirwa? Mbega uwukora ivyo azogenda adahanywe? Yorenga kw’isezerano akarusimba+?”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika