Yesaya 34:5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 «Kuko inkota yanje izonywa amaraso+ mw’ijuru. Izomanuka ku Banyedomu kugira bashitsweko urubanza+,ku bantu nafashe ingingo yo gutikiza. Ezekiyeli 25:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Nanje nzoramvura ukuboko mpane Edomu, ndaharandure abantu n’ibitungwa, ndahatikize+. Kuva i Temani gushika i Dedani, abantu bazokwicishwa inkota+. Ezekiyeli 35:15 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Ko wanezerewe igihe intoranwa y’Abisirayeli yacika umusaka, nawe ni ko nzokugira+. Nzogutikiza usigare uri umusaka, ewe karere k’imisozi ka Seyiri, emwe, Edomu yose+. Kandi abantu bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”» Amosi 1:11 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 11 Ibi ni vyo Yehova avuze:“Kubera Edomu yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,kuko yomye inyuma mwenewabo n’inkota+,akanka kumugirira imbabazi.Aguma abatabagura n’ishavu n’akantu,kandi n’ubu aracabafitiye ishavu+. Obadiya 13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Ntiwari ukwiye guca mw’irembo ry’abantu banje ku musi bashikirwa n’ivyago+.Ntiwari ukwiye kwigina amakuba babonye ku musi bashikirwa n’ivyago,kandi ntiwari ukwiye gutwara ivyo batunze ku musi bashikirwa n’ivyago+.
5 «Kuko inkota yanje izonywa amaraso+ mw’ijuru. Izomanuka ku Banyedomu kugira bashitsweko urubanza+,ku bantu nafashe ingingo yo gutikiza.
13 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Nanje nzoramvura ukuboko mpane Edomu, ndaharandure abantu n’ibitungwa, ndahatikize+. Kuva i Temani gushika i Dedani, abantu bazokwicishwa inkota+.
15 Ko wanezerewe igihe intoranwa y’Abisirayeli yacika umusaka, nawe ni ko nzokugira+. Nzogutikiza usigare uri umusaka, ewe karere k’imisozi ka Seyiri, emwe, Edomu yose+. Kandi abantu bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»
11 Ibi ni vyo Yehova avuze:“Kubera Edomu yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,kuko yomye inyuma mwenewabo n’inkota+,akanka kumugirira imbabazi.Aguma abatabagura n’ishavu n’akantu,kandi n’ubu aracabafitiye ishavu+.
13 Ntiwari ukwiye guca mw’irembo ry’abantu banje ku musi bashikirwa n’ivyago+.Ntiwari ukwiye kwigina amakuba babonye ku musi bashikirwa n’ivyago,kandi ntiwari ukwiye gutwara ivyo batunze ku musi bashikirwa n’ivyago+.