ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 34:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  5 «Kuko inkota yanje izonywa amaraso+ mw’ijuru.

      Izomanuka ku Banyedomu kugira bashitsweko urubanza+,

      ku bantu nafashe ingingo yo gutikiza.

  • Ezekiyeli 25:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Nanje nzoramvura ukuboko mpane Edomu, ndaharandure abantu n’ibitungwa, ndahatikize+. Kuva i Temani gushika i Dedani, abantu bazokwicishwa inkota+.

  • Ezekiyeli 35:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Ko wanezerewe igihe intoranwa y’Abisirayeli yacika umusaka, nawe ni ko nzokugira+. Nzogutikiza usigare uri umusaka, ewe karere k’imisozi ka Seyiri, emwe, Edomu yose+. Kandi abantu bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»

  • Amosi 1:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Ibi ni vyo Yehova avuze:

      “Kubera Edomu yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,

      kuko yomye inyuma mwenewabo n’inkota+,

      akanka kumugirira imbabazi.

      Aguma abatabagura n’ishavu n’akantu,

      kandi n’ubu aracabafitiye ishavu+.

  • Obadiya 13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Ntiwari ukwiye guca mw’irembo ry’abantu banje ku musi bashikirwa n’ivyago+.

      Ntiwari ukwiye kwigina amakuba babonye ku musi bashikirwa n’ivyago,

      kandi ntiwari ukwiye gutwara ivyo batunze ku musi bashikirwa n’ivyago+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika