-
2 Abami 24:1, 2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
24 Ku ntwaro ya Yehoyakimu, Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni aza gutera igihugu ciwe, maze Yehoyakimu amara imyaka itatu aganzwa na we. Ariko aramuhinduka, aramugarariza. 2 Maze Yehova atangura kurungika utugwi tw’abambuzi ngo tumutere: uri utw’Abakaludaya+, Abasiriya, Abanyamowabu n’Abamoni. Yehova yagumye arungika utwo tugwi mu Buyuda ngo tubatikize, nk’uko yari yarabivuze+ biciye ku basavyi biwe b’abahanuzi.
-