8 Uzoheza uzane ba bahungu biwe, ubambike ya makanzu+. 9 Uzobakenyeza ya mikanda (na Aroni arimwo), wongere ubambike twa dukofero. Ubuherezi buzoba rwabo kandi iryo ni itegeko rizokwamaho+. Ukwo ni ko uzobigenza mu kwimika Aroni n’abahungu biwe mw’ibanga ry’ubuherezi+.